Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Ubwicanyi Muri Afrika y'Epfo


21/05/2008

Umurundi yitwa Emmanuel Ndihokubwayo aturuka muri komine Kamenge, mu micungararo y'igisagara ca Bujumbura, yarahitanywe n・ubwicanyi bumaze imisi bukorerwa abanyamahanga muri Afrika y'Epfo. Abandi Barundi batatu aribo, Innocent Ismail aturuka i Ngozi; David Nakumuryango na Asumani bose baturuka muri kartiye Ijabe mu micungararo y・igisagara ca Bujumbura barakomeretse. Iyi nkuru iri mw'itangazo ryarungitswe i Bujumbura n'abaserukira Uburundi muri Afrika y'Epfo, kw・igenekerezo rya 21, ukwezi kwa gatanu, mur・uyu mwaka.

Iryo tangazo ryashizweko umukona na Jean Bosco Ngendanganya, umunyamabanga wa mbere mu biro vy'uwuserukira Uburundi muri Afrika y'Epfo, rimenyesha kandi ko muri bino bihe hari Abarundi benshi bariko basaba kuva muri Afrika y'Epfo kubera ubwoba.

Haheze imisi akagwi k'abantu bo muri Afrika y'Epfo gatanguye ubwicanyi bukorerwa abanyamahanga bagirizwa ko batwara akazi abene gihugu. Ubwo bwicanyi bwabaye cane cane mu gisagara c'i Johannesburg. Mu banyamahanga barenga mirongo itatu bishwe, benshi bava mu bihugu vya Botswana, Mozambique na Zimbabwe.

Umushingantahe Nelson Mandela yateye akamo ko guhagarika ubwo bwicanyi avuga ati: "Ibuke ko mu gihe c'intwaro y'abazungu, abirabure bo muri Afrika y'Epfo bakiriwe mu bindi bihugu, kandi ko batigeze bakorerwa ayo mabi"

Abarundi benshi barahungiye muri Afrika y・Epfo kubera intambara, ariko hari n・abandi bagiyeyo barondera ubuzima. Afrika y'Epfo yarafashije mu biganiro bihuza Abarundi, mur・iki gihe ikaba ikibandanya mu biganiro bihuza reta y・Uburundi n・umuhari FNL. Afrika y'Epfo yarungitse abasirikare bashika amajana atandatu guhagarara amahoro mu Burundi.

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Kwipimisha SIDA mu Rwanda

  Andi Makuru
Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya
Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero
Itangazamakuru mu Karere
Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo