Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Rusansuma rw'Abakozi ba Reta mu Burundi


26/05/2008

Umushikiranganji ajejwe imigambi y'akazi mu Burundi, umupfasoni Clotilde Niragira, yabariye abamenyeshamkuru ko hari abakozi bahembwa amafaranga ya reta kandi batari ku kazi. Abo bantu ngo nti bazwi neza igitigiri, ariko ngo hari bamwe bapfuye, abandi nabo bahunze ariko bakaba babandanya guhembwa. Ngo hari n・abandi, nabo nyene batazwi igitigiri, ngo bahembwa habiri.

Umushikiranganji Clotilde Niragira avuga kw・ivyo vyose vyatewe n・intambara yagize ingaruka mbi k・uburyo abajejwe intwaro n'imigambi y・akazi bakora. Kw'igenekerezo rya 26 ukwezi kwa gatanu, reta y'Uburundi itegekanya gutanguza rusansuma y'abakozi ba reta mu gihugu cose, kugira ngo abakozi ba reta bakora babe aribo bahembwa.

Ico gikorwa kizokoresha amafaranga ibihumbi amajana icenda y'i Bulaya, n・ukuvuga umuriyaridi urenga w'amafaranga y'Uburundi. Amahera y・iyo rusansuma izomara indwi zitandatu, yatanzwe n'Ibanki y'Isi Yose. Umushikiranganji Clotilde yabwiye abamenyeshamakuru ko muri kino gihe reta ihemba abakozi ibihumbi mirongo itanu n'umunani. Ariko ngo ibizwi neza n・uko abakozi batonda ku kazi badashika ico gitigiri.

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Imyaka Itatu y'Ubutegetsi bwa CNDD-FDD

  Andi Makuru
Indorerezi mu Matora y・Abadepite
Komisiyo y'Igihugu y'Amatora n・Abadepite
Ibiciro vy'Ibitoro mu Burundi
Perezida Paul Kagame mu Burundi  Audio Clip Available
Urubanza rw'Abasirikare Bakuru  Bane ba RDF  Audio Clip Available
Icyumweru cy'Umwana n'Umubyeyi mu Rwanda
Perezida Nkurunziza Yarabonanye na Rwasa Agathon  Audio Clip Available
Ingaruka y・Ibiciro Bikabije ku Ifaranga ry'u Rwanda
Raporo ya Komisiyo ya Mucyo