Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Umugambwe Mushasha mu Burundi


08/06/2008
New Party - Kiganahe - Umva (MP3) audio clip
New Party - Kiganahe - Umva (MP3) audio clip
Reaction - Cimpaye - Umva (MP3) audio clip
Reaction - Cimpaye - Umva (MP3) audio clip

Umushingamateka Jean Minani yashinze umugambwe mushasha. Dogiteri Jean Minani afadikanije na Didace Kiganahe bose bahora mu mugambwe Sahwanya FRODEBU, baherutse gushinga, i Bujumbura, umugambwe bise :Sahwanya FRODEBU Nyakuri;.

Abantu bashika mirongo itatu bavuye mu ntara zose, baritavye inama ishinga uwo mugambwe yabaye kw・igenekerezo ry・umunani mur・uku kwezi kwa gatandatu. Umushingamateka Jean Minani ari nawe agiye gutwara uwo mugambwe utaremererwa imbere y'amategeko, yabwiye Ijwi rya Amerika ko Sahwanya FRODEBU Nyakuri igiye gushigikira cane iragi rya nyakwigendera Melchior Ndadaye yigeze gutwara Uburundi n'umugambwe Sahwanya FRODEBU.

Muganga Jean Minani na Didace Kiganahe bose ni abashingamateka batowe ku rutonde rw'umugambwe Sahwanya FRODEBU. Minani yatowe mu ntara ya Kirundo, m・uburaruko bw・Uburundi, Didace Kiganahe nawe atorwa muri Bujumbura-Rirare. Bose bari mu bashingamateka cumi na batatu bakuwe mu mugambwe, bagirizwa ko bashigikiye umugambwe CNDD-FDD. Ariko Jean Minani avuga ko umugambwe Sahwanya FRODEBU utakigendera irangi rya Melchior Ndadaye.

Uwo mugambwe wa Minani Jean na Kiganahe Didace ugiye gusaba kwemerwa n・amategeko, kugira ngo ushobore gukora ku mugaragaro mu misi iza. Ariko Leonce Ngendakumana atwara umugambwe Sahwanya FRODEBU yavuze ko batazokwemera iryo zina ry・uwo mugambwe mushasha.

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Amakawa Yegukanye "Cup of Excellence"

  Andi Makuru
Abatangabuhamya mu Rukiko  rw・Abasirikare Bakuru ba RDF
Abaturage Miliyoni 5 Bazihitiramo Abadepite
Amashuri y'Abadepite mu Rwanda
Imyaka Itatu y'Ubutegetsi bwa CNDD-FDD
Ibiciro vy'Ibitoro mu Burundi
Perezida Paul Kagame mu Burundi  Audio Clip Available
Urubanza rw'Abasirikare Bakuru  Bane ba RDF  Audio Clip Available
Icyumweru cy'Umwana n'Umubyeyi mu Rwanda
Perezida Nkurunziza Yarabonanye na Rwasa Agathon  Audio Clip Available
Ingaruka y・Ibiciro Bikabije ku Ifaranga ry'u Rwanda
Raporo ya Komisiyo ya Mucyo