Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Inama Nshingamateka y¡¦Urwaruka mu Burundi


23/06/2008

Ku musi wahariwe umwana muri Africa, urwaruka ruriko rurategura intambwe yo gushinga Inama Nshingamateka y'urwaruka, izofasha urwo rwaruka gushikiriza ivyiyumviro vyarwo. « Igiti kigororwa kikiri gito » ni icivugo caranze ihimbazwa ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umwana muri Afrika. Intumbero y'uwo musi, kwabaye ukwibuka ibibondo vyishwe bunyamaswa n'inzego z'umutekano, bizira ivyiyumviro vyavyo muri Soweto mu 1976, mu gihugu ca Afrika y'Epfo. Gushika ubu, amashirahamwe n'ama Reta vyemeza ko kw'isi agateka k'umwana ata ntambwe iboneka karagira.

Ku vyerkeye Uburundi, ibice 11% vy'abana bamerewe nabi. Mu ntara ya Muyinga yonyene, abana 80.000 ni impfuvyi zitagira icepfo n'icaruguru, nk'uko bishikirizwa n'urunani rw'amashirahamwe y'urwaruka. Louis Rwasa atwara urunani rw'amashirahamwe y'urwaruka mu ntara ya Muyinga, avuga kw'imvo nyamukuru ari ubukene bwugarije imiryango, hamwe n'ikiza ca Sida. Ibibondo bisaba gufashwa. Miburo Ntirandekura umwana wo mw'ibarabara arayaga.

« Twebwe umusi mukuru udushikiye tumerewe nabi. Ntawe dufise adutunga, urumva twironderera mw'ibarabara¡K.twebwe abo mw'ibarabara, natwe dukeneye abaza kudutunga bakaturonderera imyuga kugira ngo turondere ubuzima nk'abandi. »


Inama nshingamateka y'urwaruka igiye gushingwa.Uburundi buzoba bwinjiye mu murwi w'ibihugu birenga cumi bimaze gutera intambwe iboneka muri ico gikorwa, nk'Urwanda na Tanzania dusangiye imbibe. Inama Nshingamateka y'abana ni inzira izotuma ibibondo bishira ahabona ibijanye n'amateka yabo. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibibondo UNICEF, rirashigikiye iyo ngendo. Ishirahamwe UNICEF ryisunga iciyumviro c'umukuru w'igihugu, Pierre Nkurunziza, yashikirije abana b'abamenyeshamakuru avuga ati: Imbere y'uko tuba abakuru b'ibihugu n'abashikiranganji, twabanje kwitwa abana. Nico gituma bakwiye gutegurwa hakiri kare. Igisata kijejwe urwaruka mu nama nshingamateka y'Uburundi caragize uruhara mu kwumvisha abagenzi babo ico ciyumviro.

Itahuka ry'impunzi rifise insiguro kuri uyu musi mpuzamakungu wahariwe umwana w'umunyafrika. Gilbert Ntamuhwe wo mu gisata kijejwe kumenyesha amakuru mw'ishirahamwe UNICEF avuga ati :

" Insiguro twobiha n'uko abana bariko baragaruka mu gihugu cabo ¡Kbarakeneye kwitegurirwa ...abana benshi bahora mu gihugu ca Tanzaniya bahora biga, nico gituma rero ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF ririko riragerageza gufasha Reta y'Uburundi, kugira ngo abana biga mu mashure y'intango nibashika bazoronke ingene babandanya kwiga¡K"


Mu nteguro, urwo runani rugizwe n'abana batarenza imyaka 18. Umupfasoni Pascasie Nkinahamira, umukuru w'umurwi ujejwe ibibazo vy'urwaruka mu nama nshingamateka y'Uburundi, aremeza kw'abo bana bazova mu makomine yose y'igihugu.

 

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Amakawa Yegukanye "Cup of Excellence"

  Andi Makuru
Abatangabuhamya mu Rukiko  rw¡¦Abasirikare Bakuru ba RDF
Abaturage Miliyoni 5 Bazihitiramo Abadepite
Amashuri y'Abadepite mu Rwanda
Imyaka Itatu y'Ubutegetsi bwa CNDD-FDD
Ibiciro vy'Ibitoro mu Burundi
Perezida Paul Kagame mu Burundi  Audio Clip Available
Urubanza rw'Abasirikare Bakuru  Bane ba RDF  Audio Clip Available
Icyumweru cy'Umwana n'Umubyeyi mu Rwanda
Perezida Nkurunziza Yarabonanye na Rwasa Agathon  Audio Clip Available
Ingaruka y¡¦Ibiciro Bikabije ku Ifaranga ry'u Rwanda
Raporo ya Komisiyo ya Mucyo