Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Ingorane mu Masezerano y・Amahoro mu Burundi


30/06/2008
Panel Discussion 06-29-08 - Umva (MP3) audio clip
Panel Discussion 06-29-08 - Umva (MP3) audio clip

Amasezerano y'amahoro mu Burundi aracarimwo ingorane. Kuva aho umuhari Palipehutu-FNL utahukiye, mu mugambi wo gutangura utwigoro two gushira mu ngiro amasezerano y'agahengwe, no gutera igikumu ku masezerano y'amahoro, abanyagihugu bariruhukije. Baranezezwa n'uko amahoro agiye gusasagara.

Abarundi bari barataye ingo zabo baratahutse, eka n'inkoho zisa n'izanumye muri rusangi. Yamara gushika uyu musi, abategetsi bari mu biganiro barabandanya kwagiranya inyifato mbi, yo kudashira imbere inyungu z'igihugu hamwe n'inyungu z'abarundi banyoteye amahoro.

Mur'iki kiganiro mugiye gukwirikirana, twatumiye abategetsi bakomeye bajejwe ibiganiro vyo gushira mu ngiro amasezerano y'agahengwe: Ku ruhande rwa Palipehutu-FNL, twaganiye n'umukuru w'uwo muhari, Agathon Rwasa.

Ku ruhande rwa reta naho, twavuganye n'umukuru w'umurwi userukira reta mur'ivyo biganiro, Evarsite Ndayishimiye. Nk'uko mugiye kuvyiyumvira, abo bategetsi baravuga ikibaraje ishinga mu gihe ivyo biganiro bibandanya.

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Amakawa Yegukanye "Cup of Excellence"

  Andi Makuru
Abatangabuhamya mu Rukiko  rw・Abasirikare Bakuru ba RDF
Abaturage Miliyoni 5 Bazihitiramo Abadepite
Amashuri y'Abadepite mu Rwanda
Imyaka Itatu y'Ubutegetsi bwa CNDD-FDD
Ibiciro vy'Ibitoro mu Burundi
Perezida Paul Kagame mu Burundi  Audio Clip Available
Urubanza rw'Abasirikare Bakuru  Bane ba RDF  Audio Clip Available
Icyumweru cy'Umwana n'Umubyeyi mu Rwanda
Perezida Nkurunziza Yarabonanye na Rwasa Agathon  Audio Clip Available
Ingaruka y・Ibiciro Bikabije ku Ifaranga ry'u Rwanda
Raporo ya Komisiyo ya Mucyo