Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Ikibazo c・Izina Palipehutu-FNL


09/07/2008

Mu kiganiro umukuru w'umuhari Palipehutu-FNL yahaye abamenyeshamakuru kw・igenekerezo rya gatandatu ry・uku kwezi, yatangaje ko abanyagihugu aribo bonyene bategerezwa kuvuga ko umuhari Palipehutu-FNL uhindura izina canke ukabandanya kwitwa gutyo igihe uzohinduka ukaba umugambwe. Rwasa Agathon yavuze gutyo kubera ko amategeko agenga imigambwe atemera ko umugambwe wiyitirira ubwoko canke idini. 

Reta ishimikira kur'iryo tegeko rigenga imigambwe mu gihe umuhari Palipehutu-FNL usaba kwishimikiza ibwirizwa nshingiro canke kubaza abanyagihugu. Muri reta, abajejwe kwemerera imigambwe gukora ku mugaragaro bavuga ko umuhari Palipehutu-FNL udashobora kwemererwa udahinduye izina. Imigambwe yindi cane cane iyivugwa ko ari iy・abatutsi nayo nyene ngo ntiyokwemera ko umugambwe uza wiyitirira ubwoko bumwe.

Mukwemererwa, imigambwe yiyemeza kwubahiriza ubumwe bw'Abarundi. Vyanditse ko bazogwanya amacakubiri ayo ariyo yose, kutavangura no kudakumira. Imigambwe yitwa iy・abahutu nayo nyene isaba ko umuhari Palipehutu-FNL wohindura izina kubera ko kwiyitirira abahutu vyohava bituma uwo muhari ubatwara abanywanyi. Kuva mu matora yo mu 1993 vyaribonekeje ko mu Burundi abantu batora bataraba imigambi y'umugambwe, ko  ahubwo bisunga cane cane ubwoko. 

Ibiharuro bitemezwa cane n'abahinga vyakozwe ku gikoroni bivuga ko abahu barenga ibice mirongo umunani kw'ijana vy'abanyagihugu bose. Umuhari Palipehutu-FNL wafashe ibigwanisho mu 1980 uvuga ko ugiye guhabuza ubwoko bw'abahutu bavugwa ko bakumiriwe mu nzego z・igihugu. Umuhari Palipehutu-FNL uvuga ko wakira abatutsi ariko gushika ubu nti biboneka. Amategeko agenga imigambwe arasaba kandi ko umugambwe ubamwo ubwoko bwose

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Amakawa Yegukanye "Cup of Excellence"

  Andi Makuru
Abatangabuhamya mu Rukiko  rw・Abasirikare Bakuru ba RDF
Abaturage Miliyoni 5 Bazihitiramo Abadepite
Amashuri y'Abadepite mu Rwanda
Imyaka Itatu y'Ubutegetsi bwa CNDD-FDD
Ibiciro vy'Ibitoro mu Burundi
Perezida Paul Kagame mu Burundi  Audio Clip Available
Urubanza rw'Abasirikare Bakuru  Bane ba RDF  Audio Clip Available
Icyumweru cy'Umwana n'Umubyeyi mu Rwanda
Perezida Nkurunziza Yarabonanye na Rwasa Agathon  Audio Clip Available
Ingaruka y・Ibiciro Bikabije ku Ifaranga ry'u Rwanda
Raporo ya Komisiyo ya Mucyo