Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Abagirizwa Urupfu rwa Kasssy Manlan Barekuwe


16/07/2008

Abantu 6 bari bamaze imyaka 5 mu munyororo bagirizwa urupfu rwa Muganga Kassy Manlan, yaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu mu Burundi OMS, bararekuwe ku musi wa mbere igenekerezo rya 13 ukwezi kw'indwi, inyuma y'umutaga. Umushikirizamanza mukuru wa Repuburika avuga ko atanejerejwe n'iyo ngingo, akaba amaze kwunguruza urubanza.

Urwo rubanza rw'abagirizwa ko aribo bagandaguye Muganga Kassy Manlan mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2002, rugiye kubandaniriza muri sentare Gasambura manza. Abo bakurikiranwa barekuwe inyuma y'ingingo ya sentare nkuru y'igihugu yabambitse izera kw'igenekerezo rya 12 ukwezi guheze.

Abo bantu basohokanye akanyamuneza kenshi, barekuwe inyuma y'imyaka itanu bari bamaze mw'ibohero rya Mpimba, batazira Kaminuza yo ku Musaga. Emile Manisha,  umwe mu bapfunguwe, yabariye radiyo Ijwi rya Amerika ko mw'ibohero yahigiye ibintu vyinshi, kandi cane cane ko asohotse iryo bohero yarakiriye agakiza. Umushingwamanza yafashije kuburana abo bantu bakurikiranwa yamenyeshje ko agiye gushingisha urubanza rwo gusaba indishi y'akababaro. Avuga kandi ko urwo rubanza rwagaragaje ko abacamanza bo mu Burundi batigenga, kandi ngo imanza nazo zirateba


Urubanza rw'abagirizwa urupfu rwa Kassy Manlan yaserukira OMS mu Burundi rwagiye rurahindura intumbero. Kassy Manlan akigandagurwa, umunyamabanga wiwe, Gertrude Nyamoya, niwe  yaciye afatwa. Mu nyuma yararekuwe n'umushikirizamanza w'ico gihe, Gerard Ngendabanka, yakoranye n'abanyororo bari baciriwe urwo gupfa mu kwagiriza aba barekuwe. Izo sura z'umushikirizamanza Gerard Ngendabanka zaciye zironswa impapuro z'inzira, zija kwibera mu mahanga urubanza rukibandanya.

Abarekuwe bari baciriwe urubanza rwo gupfa kw'igenekerezo rya 3 ukwezi kwa gatanu mu 2005 na sentare isubiramwo imanza i Bujumbura. Mu nyuma barunguruje urubanza muri sentare nkuru y'igihugu, nayo ibambika izera. Sentare Gasamburamanza niyo igiye gusubira kwihweza urwo rubanza, ibisabwe n'umushikirizamanza mukuru wa Repuburika. Ingingo izofatwa n'iyo sentare ntizosubirwamwo.

Abarundi amakungu n'umuryango wa Kassy Manlan barindiriye kumenya abishe uwo mukozi w'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu, uwabatumye, n'icabitumye.  Hari n' abandi bategetsi bakomeye b'abanyamahanga bamaze kugandagurwa Mu Burundi. Nabo ni: Louise Zuniga yaserukira UNICEF mu 1998 na Michael Courtiney, intumwa ya Papa mu Burundi, yagandaguwe mu mpera z'umwaka w'i 2004. Imanza nti zirashobora kwarekana neza abakoze ubwo bwicanyi.

 

 

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Kwipimisha SIDA mu Rwanda

  Andi Makuru
Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya
Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero
Itangazamakuru mu Karere
Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo