Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Dosiye Hussein Radjabu Irabandanya


17/07/2008

Dosiye Hussein Radjabu irabandanya gutwara abantu mu Mpimba. Ku musi wa gatatu igenekerezo rya16 ukwezi kw'indwi, umwaka w'I 2008, umushikirizamanza mukuru wa repuburika yarungitse mw'ibohero rya Mpimba, Gerard Nkurunziza, yahoze ari umushingamateka wo mu mugambwe CNDD-FDD. Urwandiko rumupfunga rwari rwaditsweko ko akurikiranwa kubera ko yatanze ibirwanisho mu banyagihugu.

Uwo mushingamateka yatowe mu ntara ya Kirundo yafatiwe dosiye imwe na Hussein Radjabu, yahoze atwara CNDD-FDD, na Pasteur Mpawenayo, nawe nyene yahoze ari umushingamateka, ubu akaba agiye kumara ukwezi mu Mpimba. Gerard Nkurunziza na Pasteur Mpawenayo bari mu bashingamateka mirongo ibiri na babiri baherutse kwirukanwa mu nama nshingamateka. Bose bagumye bashigikira ko  Hussein  Radjabu apfungiwe ubusa.

Abandi bashingamateka baherutse gukurwa bavugwa ko bashobora gufatwa, ni Mathias Basabose, Deo batazira Rutuna, na Jean Marie Ngendahayo. Abo bose haheze indwi zibiri bahungiye ahantu hatazwi. Abashingamateka mirongo ibiri na babiri birukanywe mu namanshingamateka bagirizwa kuba barakuwe mu mugambwe canke barikuye, ariko abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko bakuwe kubera batari bakivuga rumwe n'ubutegetsi no kuba bashigikiye Hussein Radjabu.

Mu vyerekeye ubutungane, icegera c'uwutwara umugambwe FRODEBU muri Bujumbura rirare nawe nyene yaratwawe mu Mpimba, yagirizwa kuba yarateye amagerenade ku nyubakwa z'abashingamateka no ku bakozi ba BINUB. Leonce Ngendakumana arongoye umugambwe FRODEBU avuga ko ari ugushaka kuburabuza abanywanyi b'uwo mugambwe.

 

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Imyaka Itatu y'Ubutegetsi bwa CNDD-FDD

  Andi Makuru
Indorerezi mu Matora y・Abadepite
Komisiyo y'Igihugu y'Amatora n・Abadepite
Ibiciro vy'Ibitoro mu Burundi
Perezida Paul Kagame mu Burundi  Audio Clip Available
Urubanza rw'Abasirikare Bakuru  Bane ba RDF  Audio Clip Available
Icyumweru cy'Umwana n'Umubyeyi mu Rwanda
Perezida Nkurunziza Yarabonanye na Rwasa Agathon  Audio Clip Available
Ingaruka y・Ibiciro Bikabije ku Ifaranga ry'u Rwanda
Raporo ya Komisiyo ya Mucyo