Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Mu Burundi, abantu 641 Barishwe mu 2007


23/07/2008

 

Raporo ishigwa ahabona n'ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu Ligue Iteka ku vyakozwe mu mwaka w'i 2007 mu vyerekeye agateka ka zina muntu ivuga ko abantu amajana atandatu na mirongo ine n'umwe bishwe ataco bazira. Ligue Iteka ivuga ko abakoze ubwo bwicanyi usanga ari abasirikare b'igihugu, abaporisi, abagwanyi b'umuhari Palipehutu FNL n'abanyagihugu basanzwe.

Raporo yerekana ko abantu mirongo ibiri na babiri bishwe n'abasirikare,mirongo ine n'icenda bicwa n'abaporisi, amajana abiri na mirongo itandatu n'indwi bicwa n'abanyagihugu,mirongo icenda na batandatu bicwa n'umuhari Palipehutu FNL, amajana abiri n'indwi bicwa n'abantu batamenyekanye. Mur'ubwo bwicanyi bwose abicanyi ngo bakoresha inkoho ku bice birenga mirongo itanu na bitanu. Ubwicanyi ngo bufatiye ku busuma bw'abitwaje ibigwanisho, ukutumvikana mu vya poritike  n'izindi nzanko cane cane zijanye n'imanza z'amatongo.

Ubwicanyi bwariyongeye ugereranije no mumwaka w'i 2006. Muri raporo dusoma ko  mu 2006 hishwe abantu amajana atanu na mirongo itandatu n'indwi,mu 2005 hishwe amajana umunani na mirongo icenda n'umunani, mu 2004 amajana atandatu na mirongo itandatu n'indwi,mu 2003 igihumbi n'amajana ane na mirongo ibiri n'indwi,mu 2002 igihumbi n'amajana ane na mirongo ibiri n'umwe.

Ligue Iteka isaba reta kwihutira gukura ibigwanisho  biharurwa mu bihumbi ijana mu banyagihu babifise batabifitiye uruhusha, kwigisha abasirikare n'abaporisi akazi kabo ntibabandanye bahohotera abanyagihugu, gukigira abanyagihugu cane cane abatagira inguvu no gushinga poritike itomoye y'abahoze kr'ugamba kubera kenshi aribo bakora ubwicanyi bakoresheje ibigwanisho. Reta isabwa kandi gukora poritike nzinza y'iterambere kugira ikure mu bukene abanyagihugu.

                                          

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Kwipimisha SIDA mu Rwanda

  Andi Makuru
Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya
Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero
Itangazamakuru mu Karere
Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo