Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Ibiro vy'Umuhuza Birashima Ingingo ya Palipehutu Fnl


23/07/2008

 

Itangazo King Slay Mamabolo  atwara ibiro vy'umuhuza yasohoye kur'uwu wa kabiri amenyesha ko ashima cane ingigo y'umuhari Palipehutu FNL yo kurungika abagwanyi mu bibanza bibategeurakwinjizwa mu nzego z'umutekano canke mu buzima busanzwe.

King Slay Mamabolo atangaza ko iyo ngingo ya Palipehutu FNL igiye guteza imbere umugambi w'amahoro mu Burundi agasaba reta y'Uburundi gufasha cane cane mukubahiriza ivyo yemeye, igatahukana abasirikare mu makambi.

Igikorwa co kwakira abagwanyi ba FNL mu bibanza biteguwe kirabandanya. Kur'uwu wa kabiri abo bagwanyi bakwijije igitigiri c'ibihumbii bibiri n'ijana na mirongo itanu na batanu mu kibanza giteguriwe abantu igihumbi n'amajana atanu. Abafasha umuhuza bakurikirana ivyo mur'ico kibanza baremeza ko bitoroshe. Ico kibanza gifise utuzu twa sugumwe cumi hakenewe amajana atatu. Amazu yabaye matonyo gushika aho amahema yashinzwe mu mirima ya'abanyagihugu abo nabo batanguye gusaba amafaranga ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika rijejwe ico gikorwa.

Umuhari Palipehutu FNL wemeye ku musi wa mbere gutwara abagwanyi mu bibanza bine mu ntara za Bujumbura rirare, Cibitoke, Bubanza na Kayanza.

Mur'ivyo bibanza barakwa ibigwanisho,hagakorwa amatohozwa ku mugwanyi umwe umwe wese kugira bamenye ko ari umugwanyi koko.

Reta y'uburundi n'umuhari Palipehutu FNL bari mu gikorwa co gushira mu ngira amasezerano bemeje i Dar Es Salaaam muri Tanzania mu kwezi kw'icenda mu 2006.

Uburundi bwatunganije amatora mu 2005 umuhari Palipehutu FNL ukigwana, mu 2010 atora yandi arategekanijwe, amasezerano ashizwe mu ngiro neza Palipehutu FNL izokwitaba ayo matora.

 

 

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Kwipimisha SIDA mu Rwanda

  Andi Makuru
Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya
Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero
Itangazamakuru mu Karere
Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo