Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Ingaruka z'Igabanuka ry'Agaciro k'Idolari kw'Isi


23/07/2008
Ikiganiro na Andre Nikwigize - Umva (MP3)
Ikiganiro na Andre Nikwigize  - (Default) (MP4)

Mu kiganiro Andre Nikwigize, umuhanuzi mukuru   mw'ishirahamwe ryerekeye ubutunzi muri Afrika bita, "Commission Economique Pour l'Afrique" mu rurimi rw'igifransa, yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko igihugu ca Amerika muri iyi myaka itanu irangiye cagize ingorane nyinshi zerekeye ubutunzi aho cane cane idolari ryataye agaciro ibice birenga mirongo ibiri na bitanu kw'ijana.

Yatangaje ko ivyatumye idolari rita agaciro ari vyinshi, ngo yamara harimwo cane cane imyenda y'umurengea Amerika ifitiye amakungu, ingurane z'umurengera Amerika yahaye abanyagihugu kugira bashobore kwubaka amazu hanyuma ntibashobore kwishura.
Ugutakaza agaciro k'idolari bikaba biteye amakenga ibihugu vyinshi harimwo n'ibihugu vyo muri Afrika. Avuga ko nkuko bizwi, ibihugu vyo muri Afrika bifise ubutunzi bucumbagira.
Akamaro k'idolari ngo s'agaseseshwarumuri, ngo idolari ryamye riri kw'isonga ry'amafranga y'agaciro akoreshwa mu butunzi haba mu vyerekeye ubudandaji, haba mu vyerekeye ububiko bw'amafranga y'agaciro amabanki makuru uo kw'isi abika.

Andre Nikwigize avuga ko ingaruka z'itituka ry'idolari cane cane mu karere ka Afrika ni nyinshi. Amafranga y'agaciro y'ibihugu vyinshi ava mu nfashanyo no muvyo ivyo bihugu bishorera hanze, akaba ari  navyo ivyo bihugu bikoresha mu kugura ivyo bikeneye hanze, vyaba ivy'ugukoresha mu mahinguriro, vyaba ibifungugwa, canke ibitoro.

Ameneysha ko iyo rero idolari ritaye agaciro, hari ingaruka zibiri  nkuru.
Ubwa mbere , amafranga yose y'agaciro yinjira arata agaciro ku buryo amafranga aba akenewe y'ukugura ibivuye hanze aba make.
Ica kabiri n'uko kenshi na kenshi iyo idolari ritaye agaciro, ku bihugu vya Afrika, bikoresha amadolari kugira bigure ivyo bikeneye hanze, amafranga ivyo bihugu bikenera aba make muri ivyo bihugu. Iduzwa ry'ibiciro vy'ibitoro n'ibifungugwa bikaba vyaje kwiyongera kuri ico kibazo.

 

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Soma n'Ibi
Mu Burundi, Ubugenduzi bw'Ikigega ca Reta Buridoga
 
  Inkuru Nyamukuru
Amakawa Yegukanye "Cup of Excellence"

  Andi Makuru
Abatangabuhamya mu Rukiko  rw¡¦Abasirikare Bakuru ba RDF
Abaturage Miliyoni 5 Bazihitiramo Abadepite
Amashuri y'Abadepite mu Rwanda
Imyaka Itatu y'Ubutegetsi bwa CNDD-FDD
Ibiciro vy'Ibitoro mu Burundi
Perezida Paul Kagame mu Burundi  Audio Clip Available
Urubanza rw'Abasirikare Bakuru  Bane ba RDF  Audio Clip Available
Icyumweru cy'Umwana n'Umubyeyi mu Rwanda
Perezida Nkurunziza Yarabonanye na Rwasa Agathon  Audio Clip Available
Ingaruka y¡¦Ibiciro Bikabije ku Ifaranga ry'u Rwanda
Raporo ya Komisiyo ya Mucyo