Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Ibiciro vy'Ibitoro mu Burundi

26/08/2008

Reta y・Uburundi yaragabanije ibiciro vy・ibitoro. Inama nshikiranganji yakoranye kw・igenekerezo rya mirongo ibiri na rimwe z・ukwezi kw・umunani, yafashe ingingo yo kumanura ibiciro vy'ibitoro no gushinga umurwi ujejejwe gukurikirana urudandazwa rw'ibitoro. Iyo ngingo isigurwa n'igabanuka ry'ibiciro ku masoko mpuzamakungu.

Iritiro ya esanse igiye kugurwa amafaranga igihumbi n'amajana icenda y'amarundi, yahora igurwa ibihumbi bibiri na mirongo itatu. Iritiro y・amazutu izogurwa igihumbi n'amajana umunani na mirongo itatu,

ivuye ku gihumbi n'amajana icenda na mirongo itanu. Iritiro y・ipeterori izogurwa igihumbi n'amajana indwi na mirongo ine, yahora ku gihumbi n'amajana icenda na mirongo ibiri.

Iyo ngingo y'inama nshikiranganji yategerezwa gutangura gushirwa mu ngiro ku musi wa kane, igenekerezo rya mirongo ibiri na rimwe, ariko gushia kw・igenekerezo rya 24, ibitoro vyari bikigurishwa gushika ku biciro vya kera, kubera umushikiranganji ajejwe imigambi y'ubudandaji ategerezwa gusohora itegeko rishasha ari hanze y'igihugu. Ariko kandi abadandaza b'ibitoro basigura bavuga ko ibiciro bishasha bishobora gushirwa mu ngiro mu ntango z'ukwezi kw'icenda, kubera ko ibitoro vyaranguwe ibiciro bimaze kugabanuka ku masoko kitarashika.

Igabanuka ry'ibiciro vy'ibitoro rituma n'ibiciro vy・ibindi bidandazwa bigabanuka cane cane mu vyerekeye kwiyunguruza.

 

 

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Kwipimisha SIDA mu Rwanda

  Andi Makuru
Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya
Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero
Itangazamakuru mu Karere
Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo