Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Imyaka Itatu y'Ubutegetsi bwa CNDD-FDD


28/08/2008

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Petero Nkurunziza, yahimbaje imyaka itatu irangiye agiye k'ubutegetsi mu gutunganya igikorane c'imisi ine mu ntara ya Kayanza.

Perezida Nkurunziza yifadikanije n'umupfasoni wiwe Denise Nkurunziza batumira Abarundi n'abategetsi bo mu nzego z'igihugu, kugira ngo babafashe gushimira Imana  ku myaka itatu iheze Perezida Petero Nkurunziza amaze atwara Uburundi. Amasengesho azotangura ku wa gatanu igenekerezo rya 29, umusi ibisabisho vyogukenguruka bitegekanijwe.

Imbere y'aho, Perezida Nkurunziza yatanguje urugendo bitiriye "Urumuri rw'Amahoro" aho azogenda aratanga, mu ntara no mu makomine azocamwo, isima n'amabati yo kwubaka amashure.

Umugambwe CNDD-FDD Perezida Nkurunziza aturukamwo nawo wahimbaje imyaka itatu irangiye utsinze amatora yo mu 2005. Mu kiganiro umuvugizi w'umugambwe CNDD-FDD, umushingamateka Onesime Nduwimana, yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kw'igenekerezo rya 26 z'uku kwezi, yashimye ingingo zo kuvuza abana ku buntu bari musi y'imyaka itanu n'abakenyezi bibungenze, n'imigenderanire hagati y'Uburundi n'amakungu avuga ko yifashe neza.

Abatavuga rumwe na reta bavuga ko muri rusangi intwaro y'umugambwe CNDD-FDD itubahirije amategeko na cane cane ko itubahirije agateka ka zina muntu. Umugambwe CNDD-FDD wagirizwa ko ushira imbere igikenye, kandi ko udakingira abanyagihugu mu gukura ibigwanisho mu banyagihugu. Ivyo navyo ngo bikazoshobora kubangamira amatora yo mu mwaka wi 2010.

 

 

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Kwipimisha SIDA mu Rwanda

  Andi Makuru
Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya
Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero
Itangazamakuru mu Karere
Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo