Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Amatora yo mu Mwaka wi 2010 mu Burundi


06/10/2008

Gutegura amatora yo mu mwaka wi 2010 ngo bisa  n・ibiriko birateba. Umugambwe CNDD wa Leonard Nyangoma wagiriza abarongoye igihugu ko batariko barategura amatora yimirije mu mwaka wi 2010, mu gihe vyari bitegekanijwe ko ayo matora atangura kuringanizwa mu kwezi kwa gatanu.

 

Umuvugizi w'umugambwe CNDD Francois Bizimana yabwiye abamenyeshamakuru ko ibikenewe kugira amatora yimirije agende neza. Ica mbere gikenewe kandi kitaratangura ngo n・ibiganiro kugira ingingo zimwe zimwe zo mw'ibwirizwa nshingiro zihindurwe. Umugwi wigenga ujejwe ivyerekeye ayo matora ngo nturashingwa kandi ukenewe cane.

 

Umuvugizi wa CNDD asigura kandi ko ivyerekeye intwaro ibereye, agateka ka zina muntu n'umutekano bidahumuriza. Umutekano ngo ntawowizigira kubera ko reta n・umugwi Palipehutu-FNL bitarumvikana k・ukungene boshira mu ngiro amasezerano bemeranije. 

 

Iyindi ngorane ngo ijanye n'amafaranga yo gutunganya ayo matora. Francois Bizimana avuga ko reta ishobora kugira ingorane zo kuronka amafaranga akenewe mu kurangura ico gikorwa. Amatora aherutse, yatwaye amafaranga agera ku miriyaridi mirongo ibiri na zibiri z・amarundi, ariko ibice birenga mirongo itanu kw・ijana vy'amafaranga reta ikoresha ava mu mfashanyo.

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available

  Andi Makuru
Inkunga Yatewe Amashyirahamwe yo mu Rwanda
Reta y'Uburundi n・Ishirahamwe Engen ku Vyerekeye Ibitoro
Iperereza mu Burundi n'Amategeko Mashasha
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Umukino wa Sit Ball i Kigali
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo
Ikibazo c・u Rwanda na Congo  Audio Clip Available
Iyibukwa rya Prezida Melchior Ndadaye mu Burundi  Audio Clip Available