Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Uburundi n・Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Uburaro


07/10/2008

Ku musi mpuzamakungu wahariwe uburaro bwiza, bigaragara ko Uburundi bukiri inyuma kur・ico kibazo. Ku wa mbere igenekerezo rya gatandatu mu mwaka wi 2008, niho amakungu yahimbaje uwo musi. Muganga Talende Manzila, aserukira ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kwisi mu Burundi, akaba ari nawe yaserukiye umunyamabanga mukuru wa ONU, yatangaje ko Uburundi bufise ingorane nyinshi cane mur'ico gisata.

 

Mu Kinama, mu gisagara ca Bujumbura, aho ibirori vy・uwo musi vyahimbarijwe, Muganga Talende Manzila yavuze ko ikibazo c・uburaro kigifise ingorane zikomeye zituruka k'ubukene. Ariko kandi ngo haracari agahaze gashimikiye ku vyerekeye amategeko n'inzego zijejwe ico kibazo. Uwo muganga avuga ko, mu mwaka w'ibihumbi bibiri n'indwi, ibice bishika indwi kw'ijana vy'abarundi bimukiye mu bisagara, mu gihe vyibonekeza kw・ivyo bisagara navyo vyariko birarengerwa. Mur・iki gihe, abajejwe ubutungane baremeza ko abakozi benshi ba reta batagishobora kuriha amazu bapanze, k・uburyo imanza mu ma sentare zimaze kuba nyinshi cane. Abakozi baganiriye n'Ijwi rya Amerika bavuga ko kwiyumvira kwubaka vyo ari umugani, kubera ingwati basabwa n'amabanki badashobora kuzironka.

 

Ibiharuro vyatangajwe n'ishami rya ONU rijejwe iterambere, muri raporo yo mu mwaka w・ibihumbi bibiri n'indwi no mu mwaka w・ibihumbi bibiri n・umunanini, vyerekanye ko ibice mirongo itandatu na bine kw'ijana vy'abarundi batagira uburaro bushemeye, kandi ko bataronka amazi meza. Icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, Gabriel Ntisezerana, yaserukiye reta mu birori vyabereye mu Kinama, yatanganje ko reta igiye gutangura umugambi wo gusanura amakaritiye atandukanye yo mu micungararo y・igisagara ca Bujumbura.

 

Kubera intambara yamaze imyaka irenga cumi, abanyagihugu bagiye barahungira ahari umutekano, aho naho kenshi na kenshi ugasanga ari mu bisagara. Mu ma karitiye ya Kinama, Kamenge, Buyenzi na Bwiza, abajejwe intwaro baremeza ko mu mazu menshi abantu babisanya mu kuryama, hamwe na hamwe ugasanga ata n'utuzu twa sugwumwe tuhari.

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Kwipimisha SIDA mu Rwanda

  Andi Makuru
Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya
Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero
Itangazamakuru mu Karere
Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo