Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Ingorane Ziri mu Mashure yo mu Burundi


08/10/2008

Ingorane zo mu mashure yo mu Burundi ntizoroshe gutorera umuti. Umwaka w'ishure umaze indwi zitatu gusa utanguye mu Burundi. Igihe watangura, ubushikiranganji bw'indero bwatangaje ko mu mashure hakenewe abigisha bashasha ibihumbi bitanu, ariko gushika ubu nti barashobora kuboneka, kandi hiyongerako n・ingorane z'amasomero n'intebe.

 

Akarorero k'izo ngorane gatangwa ku ntara ya Bubanza, aho Buramatari Pascal Nyabenda yemeza ko abanyeshure bakirindiriye abigisha bashasha amajana abiri, intebe ibihumbi cumi na bitandatu, amashure ijana n'indwi akiriko arubakwa kandi atarashobora kuronka amabati, amwe amwe akaba amaze gusenyuka. Mu mashure menshi abana bicarana ari bane canke batanu ku ntebe imwe, kandi bagasangira igitabo kimwe.

 

Ubukene bw'abigisha bufise insiguro zibiri. Ubwa mbere n'uko ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta butaratanga uburenganzira bwo kwinjiza abandi bigisha ibihumbi bitanu. Iyindi nsiguro ifatiye ku mabi yakorewe abigisha mu ntara nyinshi mu mwaka urangiye, amabi ajanye no gukubagurwa, kwibwa, ugufatwa ku nguvu kw'abigeme n・uguturatuzwa kw・abigisha bava mu zindi ntara. Kenshi na kenshi ayo mabi yakozwe n'abanyeshure, bashigikiwe hamwe na hamwe n・abavyeyi babo.

 

Mu gihugu cose n'aho, mur'iyi myaka itatu irangiye ingorane z'ibitigiri zigenda ziragabanuka. Ubushikiranganji bwisigura buvuga ko bikenewe ko abanyagihugu batahura ko uruhara rwabo mu vyerekeye indero rukomewe, cane cane mu vyerekeye kwubaka amashure, kurondera intebe n'ibindi bikoresho, no gufasha abigisha kugira ngo bakorane umwete n'umutima mwiza. Umushikiranganji ajejwe indero Saidi Kibeya aremeza ko ingorane ziri mu bushikiranganji ajejwe zidashobora gutorerwa umuti imbere y'umwaka w'i 2015.

 

 

 

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Kwipimisha SIDA mu Rwanda

  Andi Makuru
Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya
Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero
Itangazamakuru mu Karere
Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo