Kirundi  Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Ingaruka ku Burundi z・Ingorane z'Ubutunzi kw'Isi


10/10/2008

Uguhomba kw'amabanki akomeye kw'isi kugiye gutuma imfashanyo Uburundi buronka zigabanuka. Alain Niyubahwe umuhinga mu vy'ubutunzi akaba n・umushakashatsi w'ikigo kijejwe iterambere mu Burundi IDEC, atanganza ko imfashanyo Uburundi busanzwe buhabwa zigiye kugabanuka cane, bivuye k'uguhomba kw'amabanki akomakomeye yo muri Reta Nzunze Ubumwe za Amerika n'i Buraya.

Umushakashatsi Alain Niyubahwe yabwiye ijwi rya Amerika ko ibihugu bifasha Uburundi bigiye kugira ingorane z'ubutunzi zizotuma bigabanya amafaranga vyafashisha ibihugu bikenye. Amashirahamwe n'abagwizatunga bahora bazana imitahe yabo nabo nyene ngo bagiye kugabanuka kubera ko batakironka ingurane zikwiye.

Ubutunzi bw・ibihugu bikenye bugiye kumererwa nabi. Abategetsi b・ivyo bihugu ngo nta kintu kinini bashobora guhindura, ariko igikuru ngo n・uko bohakura icigwa c'uko ukudatwara neza, ukudatunganya ibikorwa neza cane cane mu mabanki bituma ubutunzi busubira inyuma.

Umushakashatsi wa IDEC asigura kandi ko amabanki makuru yo mu bihugu bikenye agiye kugira ingorane, kubera ko atamenya neza ingene amafaranga y'agaciro ahinduka ku musi ku musi. Ibice mirongo itanu na kimwe vy・amafaranga reta y'Uburundi ikoresha biva hanze.

 


emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Kwipimisha SIDA mu Rwanda

  Andi Makuru
Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya
Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero
Itangazamakuru mu Karere
Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi
Ingwano yo m・Ubuseruko bwa Congo Kinshasa  Audio Clip Available
Imigenderanire y・u Rwanda n・u Budage
Alexis Sinduhije mu Mpimba
Rose Kabuye Yafatiwe mu Budage  Audio Clip Available
Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama
Abayobozi b・Isi i Kigali ku Kibazo Cya Congo